Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Bobi Wine yugaraniwe iwe muhira yankirwa no kuremesha igiteramo ariko mu nyuma aratoroka
Igipolisi ca Uganda cabujije igiteramo c'umuziki cari catunganijwe n'umuririmvyi akongera akana n'umushingamateka Bobi Wine, mu ntumbero y'ukwibuka ukwikukira kw'ico gihugu.
Bobi yazindutse kandi yugaraniwe muhira iwe ariko mu nyuma akaba yaciye mu ryahumye igipolisi aratoroka.
Bobi Wine, izina ryiwe rikaba ari Robert Kyagulanyi, ategura guhiganwa na Perezida Yoweri Museveni mu kibanza c'umukuru w'igihugumu matora yo mu mwaka uza.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abandanya ahohoterwa kubera ivyiyumviro vyiwe vya politike.
Bobi Wine yakwiragije amasanamu ku mbuga hwaniro yerekana abapolisi bari mu mamodoka ya pickup hanze y'umuhana wiwe mu ntumbero y'ukumuzibira kugira ngo ntasohoke.
Uyo mushingamateka avuga ko igipolisi cari cakwiragije ivyuma mw'ibarabara iwe mu ntumbero y'ukumuzibirira ku muhana iwe kuri uyu munsi yari yiteze gukora ico giteramo ciwe.
Igipolisi cahagaritse ico giteramo kivuga ko ata ibijanye n'ugukingira amagara y'abantu, umutekano n'ukugenzura abari kwitaba ico giteramo bitari vyateguwe neza, nk'uko bivugwa n'icegera c'umukuru w'igipolisi, Asuman Mugyenyi.
Hagati aho, abatari bake babona ko ari ikindi kintu cerekana ko Yoweri Museveni yiteguriye kuzivya Bobi Wine asanzwe ari rurangiranwa mu rwaruka rwa Uganda, akaba ashaka kwitoza nk'umukuru w'igihugu.
Ku myaka 37 y'amavuga, Bobi Wine afise ica kabiri c'imyaka ya Bwana Museveni, yiteze gusubira kwitoza mu mwaka uza amaze imyaka 35 arongoiye ico gihugu.