Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunya-Uganda Serwanjja yatsindiye agashimwe ka BBC kitiriwe Komla Dumor
Umumenyeshamakuru w'umushakashatsi akaba n'umusomyi w'amakuru ku mboneshakure Solomon Serwanjja niwe yatsindiye agashimwe ka BBC kitiriwe Komla Dumor.
Serwanjja akora ku mboneshakure yitwa NBS TV yo muri Uganda, aho anashikiriza kimwe mu biganiro bikomeye vy'iyo mboneshakure.
Yari amaze gukora n'ibindi biganiro vyamuhaye agashimwe, harimwo n'icaciye mu kiganiro ca BBC Africa Eye ku vyerekeye urudandaza rutemewe n'amategeko rw'imiti yandikiwe abarwaye.
Ako gashimwe katangujwe mu kwibuka Komla Dumor yahoze ari umumenyeshamakuru wa BBC, yapfuye giturumbuka mu mwaka wa 2014 afise imyaka 41.
Serwanjja abaye umumenyeshamakuru agize gatanu atwaye ako gashimwe, akaba akurikiye Waihiga Mwaura, Amina Yuguda, Didi Akinyelure n'umugandakazi mugenziwe Nancy Kacungira.
Nka kimwe mu bigize ako gashimwe, azoronka akaryo ko kumara amezi atatu ari ku cicaro gikuru ca BBC i Londres mu Bwongereza, hanyuma asubire mu gihugu ciwe aho azoshikiriza inkuru azoba yakuyeyo.
Ni umumenyeshamakuru azwi cane kandi ingene akunda umwuga w'ukumenyeshamakuru ushingiye ku bushakashatsi birerekana ishaka afise ryo guhindura ibintu mu gihugu ciwe ca Uganda.
Serwanjja ati: "Komla yazanye vyinshi ku kungene amakuru atangazwa kuri Afrika - yarerekana ishushu nshasha ya Afrika, kuko yemera ko yariko iratera imbere kandi ko amakungu yari akeneye kubona ukundi uwo mugabane".
"Amakuru yiwe yaranshika ku nyota, kandi nariyumvamwo Afrika uko yayerekana".
"Nipfuza kubandanya iragi ryiwe mu gutangaza amakuru, atari ukwerekana ibi gusa bihanze Afrika, ariko kandi ivyiza n'ibikorwa vy'iterambere bimaze gukorwa".
Serwanjja yaranezereje abamukurikira, atari uko bahimbarwa gusa n'ingene yashikiriza amakuru kuri Afrika, ariko kandi n'ishaka yari afise ry'ukunyegurura amakuru yaba anyegejwe ku nyungu z'abanyagihugu.
Jamie Angus arongoye abamenyeshamakuru mpuzamakungu ba BBC avuga ati: "Gutera iteka abamenyeshamakuru berekanye ubuhinga mu mwuga, kw'izina rya Komla, ni ikintu gikomeye kuri twebwe".
"Amakuru yashikirizwa na Komla yaragize akamaro kanini cane kw'isi nzima, kandi ni iteka kuri twebwe kuba dufise Solomon (Serwanjja) kuri BBC, akora ibishoboka kugira akomeze ishaka rya Komla mu gushikiriza amakuru kuri Afrika".