Wari uzi ko App yitwa CamScanner kuri Andoid izana ‘virus’ muri telephone yawe?

Ahavuye isanamu, CAMSCANNER
CamScanner ni app ikoreshwa cane kuri telephone ngendanwa za Android, ariko abahinga baherutse gusanga yifise muri yo "umugera".
Iyo app ikoreshwa mu gufata amasanamu meza cane y'izandiko, ikaba imaze gukoreshwa incuro zirenga umuliyoni n'abakoreshwa Android.
Hagati aho, abashakashatsi b'ikompanyi Kaspersky ikora ubuhinga bw'ukurwanya iyo migera baherutse gutora ko uburyo iyo app ikoresha burimwo umugera.
Kaspersky imenyesha ko mu ntango CamScanner yari app idafise agatosi, ariko ikaba yashoboye kwinjiza muri code ya Android ikoresha umugera witwa Trojan wonona amatelefone ngendanwa.
Imaze kubona uyo mugera, Android yaciye ikura uburyo bugezweho bwa CamScanner mu bubiko bwayo bwa Google, aribwo Play Store.
Wokora iki mu gihe ufise CamScanner muri telephone yawe?
Mu gihe woba watunganije telephone yawe ku buryo 'applications' za telephone yawe zishira ku gihe (Mises à jour automatiques), ufise gusanga telefone yawe yaramaze kugira ubwo buryo bushasha bwa CamScanner ifise uyo mugera.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Matthew Hickey akora mu kigo kijejwe kurwanya imigera mu nyabwonko, Hacker House, ahanura ko mu gihe woba ufise amakenga, ni vyiza ko wofuta CamScanner muri telephone yawe mu kurindira ko abahinga batora ubundi buryo bugezweho.
Urashobora kandi gukoresha app yica imigera (antivirus) kugira ngo urabe ko uwo mugera utoba waramaze gushika muri telephone yawe.
Yabwiye BBC ati: "Bivugwa ko uwukoresha telefone ngendanwa agereranyije usanga afise 'applications' 40 akunda gukoresha kenshi, rero ni vyiza ko wokwama uraba application zidakunda gukoreshwa".
Ahanura kandi abakoresha izo telephone bafise applications zikorana n'amabanki ko bokwama barikanuye, bagakoresha antivirus yoshobora kwama icunga ko ata migera iriko yinjira.
Yongerako y'uko ico kintu ari nkenerwa kuko mu minsi iheze, vyabonetse ko applications zifise imigera zariko ziyongera muri Play Store.










