Umugabo w'umuhindi yataye mu ruzi imodoka BMW yagabiwe nk'agashimwe yibuka amavuko kubera ishavu

Umugabo w'umuhindi yashavujwe n'uko bamugabiye imodoka yo mu bwoko bwa BMW nk'agashimwe aho yibuka imyaka amaze avutse yayisunitse maze ayita mu ruzi. Yakoze ivyo kuko yashaka ko bamuha Jaguar.

Ireresi yazungurutse ku mbuga hwaniro zitandukanye yerekana iyo modoka iriko ireremba ku mazi mu ruzi ruri mu ntara ya Haryana iri mu buraruko bw'ico gihugu.

Mu nyuma niho iyo modoka yazibirwa n'ivyatsi birebire biri ku nkengera y'uruzi, ariho uyo mugabo - avugwa ko se wiwe yoba ari umutunzi afise amazu menshi - yagerageza kuyigarura.

Igipolisi kiriko kirakora amatohoza ku vyatumye agira inyifato nk'iyo, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere.

Muri ico gihugu, amamodoka ya BMW asanzwe agurwa hafi amafaranga y'amarupiya imiliyoni 3.5 (Amadorari 49000), mu gihe amamodoka ya Jaguar nayo agurwa amafaranga y'amarupiya hagati y'imiliyoni zine na zitanu.