Uwateguye igitero ca Amhara muri Ethiopia 'yishwe'

Ibimenyeshamakuru vyo muri Ethiopia bimenyesha ko uwikekwa ko yateguye guhirika ubutegetsi mu karere ka Amhara ku wa gatandatu muri ico gihugu yishwe n'igipolisi.

Ayo makuru avuga ko Jenerali de brigade Asamnew Tsège yiciwe mu micungararo y'umugwa mukuru w'iyo ntara, Bahir Dar.

Ubutegetsi bauvuga ko abategetsi bane, harimwo umukuru wa gisirikare wa Ethiopia, Jenerali Seare Mekonnen, n'uwurongoye iyo ntara, Ambachew Mekonnen, bishwe mu gihe bariko baraburizamwo iryo hirikwa ry'ubutegetsi.

Igipolisi ca Ethiopia cari catangaje ko uwukekwa ko yarashe umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare yaciye yirasa arapfa.

Mu nyuma, mw'ijoro ryo ku munsi wa mbere, igipolisi cahavuye gisaba imbabazi ko uyo akekwa kurasa Jenerali Seare atapfuye, ahubwo ko ari mu bitaro aho ariko avurwa ibikomere yatewe n'amasasu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru Addis-Abeba kuri uyu wa mbere, umukuru w'igipolisi muri ico gihugu yari yamenyesheje ko abakoze ico gitero bari bafise intumbero y'ugufata ubutegetsi bw'intara ya Amhara kandi ko uwari akirongoye yari akironderwa.

Eka n'icegera c'umukuru w'ibiro bijejwe umutekano mu karere ka Amhara, Gedebe Hailu, yabwiye BBC ko Jenerali de brigade Asamnew Tsège atawari azi irengero ryiwe.

Hagati aho, abategetsi ba leta ya Ethiopia bamenyesha ko uwundi mutegetsi mukuru w'iyo ntara, Migbaru Kebede, yahavuye apfa kuri uyu wa mbere kubera yari yakomeretse cane muri ico gitero.

Amabendera yadugijwe gushika hagati inyuma y'aho leta ya Ethiopia itangarije umunsi w'ikigandaro mu kwibuka abasize ubuzima muri ico gitero.

Umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Abiy Ahmed, asaba abanyagihugu ba Ethiopia kuja hamwe kugira barwanye "inkozi z'ibibi" zishaka gucanishamwo igihugu.

Abasirikare bafise ibirwanisho bikomeye barungitswe ku mugwa mukuru w'intara ya Amhara, Bahir Dar, be no ku mugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika buragabisha abakozi babwo, bubasaba ko boguma mu mazu.

Mu myaka iheze, akarere ka Amhara n'ibindi bice vya Ethiopia vyaranzwe n'indyame z'amoko.

Jenerali de brigade Asaminew yari mu murwi w'abasirikare bakuru bari bapfunguwe mu ntango z'umwaka uheze, igihe leta yahahora yafata ingingo y'ukurekura abapfungwa ba politike bivuye ku myiyerekano.

Uyo mu jenerali yafunguwe amaze imyaka icenda apfunzwe, yagirizwa gutegura gutembagaza ubutegetsi.

Nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, abategetsi bakuru b'akarere ka Amhara bari bateguye inama ku munsi wa gatandatu kugira ngo bige ikibazo c'uyo mu jenerali yariko agerageza gushinga imirwi ishingiye ku moko.

Umunyamakuru wa Reuters yashoboye kwibonera ireresi yacishijwe ku rubuga rwa Facebook, aho mu ntango za kuno kwezi kwa gatandatu uyo mu jenerali Asaminew yariko ahamagarira abanyagihugu ba Amhara gufata ibirwanisho.

Kubera iki Amhara

Ako karere gatuwemwo n'abanyagihugu bo mu bwoko bwa Amhara kagira kabiri mu burere bufise abantu benshi muri Ethiopia, kandi niko kavugwamwo ururimi rwa Amharic rugira kabiri muri ico gihugu.

Imishamirano ishingiye ku moko hagati y'aba Amhara na Gumuz mu karere ka Amhara mu kwezi guheze yahitanye abantu batari bake muri ako karere be no mu karere ka Benishangul Gumuz bihana urubibe.

Iyo mishamirano, aho abahanganye bapfa amatongo, yatumye abantu hafi imiliyoni zitatu bata izabo muri ico gihugu.

Iyindi ngorane ihanze ihanze ico gihugu ni uko umushikiranganji wa mbere ahanganye n'ikibazo c'abasirikare bagumutse.

Mu kwezi c'icumi kw'umwaka uheze, umushikiranganji Abiy yavuze ko abasirikare baharurwa mu majana bateye ikirimba ciwe basaba kwongererezwa umushahara bari bafise intumbero y'ukumugandagura.

Bwana Abiy yarahatswe guhitanwa n'igitero ca grenade mw'ikoraniro ryo mu mwaka uheze, igitero cahitanye abantu babiri congera gikomeretsa n'abandi barenga 100.