Mexique ivuga ko Amerika idugije amakori bizogira ingaruka mbi ku bihugu vyompi

Ahavuye isanamu, AFP
Mexique iragabisha umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ko kuduza amakori ku bidandazwa biva muri Mexique bishobora gutuma ikibazo c'abinjira muri Amerika mu kinyegero kiba ndanse, kandi ko ivyo bihugu vyompi bizohahombera.
Abo bategetsi ba Mexique batangaje ivyo inyuma y'ubutumwa bwa Bwana Trump yacishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter buvuga ko Mexique "ishobora guhagarika uruja n'uruza rw'abantu n'ibiyovyabwenge" ku mupaka w'ivyo bihugu "mu gihe yobishaka".
Aherutse kumenyesha ko ategura ko kuva mu ndwi iza azotangura kuduza amakori ku bice bitanu uko ukwezi gutashe ku bidandazwa biva mu gihugu ca Mexique ku buryo gushika mu kwezi kw'icumi azoba ageze ku bice 25 kw'ijana.
Avuga ko ayo makori ategerezwa kuduzwa ari nka hamwe Mexique itogira ico ikoze kugira ngo ihagarike abimukira binjira muri Amerika mu kinyegero baciye ku rubibe ivyo bihugu bihana.
Ivyo biriko biba mu gihe Amerika iri mu rugamba rw'ubudandaji mu mpande zose, harimwo n'Ubushinwa. Bwana Trump arakoresha cane ibijanye n'ukuduza amakori mu bibazo vy'imigenderanire ifitaniye n'ibindi bihugu kuva ashikiriye ubutegetsi.
None Mexique ibivugako iki?
Abategetsi b'ivyo bihugu vyompi bari mu biganiro i Washington, mu gihe Bwana Trump wewe ari mu rugendo mu Bwongereza.
Abategetsi ba Mexique barashimangiye ko bariko barakora ivyo bashoboye kugira ngo bahagarike uruja n'uruza rw'abantu, abenshi muri bo bakaba bagerageza kwinjira muri Amerika kugira ngo basabe ubuhungiro.
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Mexique, Marcelo Ebrard, yabwiye abanyamakuru ko bafise ishaka ry'ugutorera umuti ico kibazo.
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko yagabishije y'uko ica kane c'umuliyoni w'abimukira bashobora kwinjira muri Amerika uno mwaka mu gihe "atacokorwa".
Hagati aho, Reuters imenyesha ko umushikiranganji w'uburimyi avuga ko ayo makori ku vyimburwa biva muri ico gisata conyene ashobora gutuma ivyo bihugu vyompi bitakaza amahera ashika ku miliyoni 117 ku kwezi.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Imigenderanire hagati y'ivyo bihugu ntiyifashe neza kuva aho Perezida Trump atangarije ko igihugu ca Mexique ataco kiriko kirakora kugira ngo gihagarike abantu bajabuka urubibe rw'ubumanuko bwa Amerika binjira muri ico gihugu bidaciye mu mategeko.
Mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka wa 2019, Bwana Trump yaratangaje amategeko adasanzwe ku rubibe Amerika ihana na Mexique.
Yamenyesheje ko ayo mategeko ari nkenerwa kugira ngo ahagarike ico yise akaga, aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bajabuka urubibe bakinjira muri Amerika mu kinyegero.










