Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagenzuzi b'ivy’indege barondera gukorera hamwe ku kibazo c'indege ya Boeing 737 Max
Abajejwe ivy'ukwunguruza abantu ku mugabane wa Bulaya bavuga ko bazokorana n'ibindi bigo kugira ngo bemeze ubuhinga bushasha (software) bw'indege Boeing 737 Max buvugwa ko bwasubiwemwo.
Ariko bamenyesha ko bafise uburenganzira bwo gufata ingingo ubwabo ku biraba n'igihe iyo ndege yosubira gukora.
Ingendo z'iyo ndege zarahagaritswe kw'isi mu kwezi kwa gatatu, inyuma y'amasanganya abiri yateye impungenge ku buhinga bwayo bushasha buyituma idahagarara mu gihe iri mu kirere.
Amakompanyi y'indege kw'isi afise ubwoba ko ukutumvikana hagati y'abajejwe ubugenzuzi ku kibazo c'iyo ndege gushobora gutuma ihinguriro ry'indege Boeing ribandanya rija mu ngorane mbere n'ingenzi nazo zikayikurako icizere.
Ingingo yafashwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, Ubushinwa n'ibindi bihugu y'uguhagarika iyo ndege - imbere y'uko Amerika ifata iyo ngingo - vyaratumye haba ugucanamwo kutari kumenyerewe mu bigo bijejwe kugenzura ingendo z'indege kw'isi.
Uwujejwe ukwunguruza abantu mw'ishirahamwe rya Bulaya, Violeta Bulc, avuga ko igisata kijejwe umutekano w'indege (Agence Européenne de la Sécurité Aérienne, AESA) uzokwihweza neza ivyo ikompanyi Boeing ivuga ko yahinduye muko iyo ndege ihinguwe.
"Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: " Tubandanya dukorera hamwe n'ibindi bigo kandi nizeye ko tuzofatira ingingo hamwe, ariko AESA ifise uburenganzira bw'ukugira umwihwezo wayo hanyuma rero iwushikirize ibindi bigo".
Gushika ubu nta gihe kanaka cumvikanyweko c'aho iyo ndege yosubirira gukora, mu gihe ishirahamwe rijejwe ingendo z'indege kw'isi, Association internationale du transport aérien, rivuga ko ridashobora kugurura iyo ndege imbere y'ukwezi kw'umunani.
Abajijwe igihe ico kibazo ca Boing kizorangirira, Violeta Bulc yishuye ati: " Nibaza ko ari ubu bwa vuba kuko dukeneye gusubiza ibintu mu buryo tukagarukana umwizero hanyuma ibintu bikabandanya".
Mu mpera z'ukwezi kwa gatanu guheze, abagenzuzi b'ivy'indege mu gihugu ca Canada bamenyesheje ko bashobora kuraba ingene bokorana n'agenzuzi ba Bulaya, hakwizera ikigo kijejwe ivy'indege muri Amerika (FAA), ku mutekano w'iyi ndege ya 737 Max.
'Icizere caragiye'
Amasanganya abiri - muri Indonesia mu kwezi kwa cumi 2018 no muri Ethiopia mu kwa gatatu 2019 - yahitanye abantu bose hamwe 346.
Gushika ico gihe, ibigo bijejwe indege kw'isi vyari bisanzwe vyizigiye impusha zitangwa n'ibigo bijejwe ivy'indege mu gihugu indege kanaka iba yakorewemwo. Ku kibazo ca boeing, ikigo FAA nico kibazwa.
Ariko inyuma y'aho masanganya, vyagiye kuboneka ko FAA hari ivyo yari yarekeye ikompanyi, ivyashize mu ngorane ico kigo ca Amerika.
Gushika ubu, abagenzuzi b'ivy'indege kw'isi ntibarashobora kwumvikana igihe bazokwemeza ivyo Boeing yakosoye.
Vyitezwe ko ishirahamwe IATA rijejwe ingendo z'indege kw'isi rizokorana mu gihugu ca Koreya y'Ubumanuko mu nama rukokoma izoba iabye inyuma y'ayo masanganya abiri.
Alexandre de Juniac arongoye IATA avuga y'uko ari nkenerwa ko Boeing n'ikigo FAA ca Amerika bikorana n'ayandi mahinguriro y'indege n'ibindi bigo bijejwe ivy'indege kw'isi kubera ata cizere kikihari ku biraba ivy'ugutanga impusha ku ndege.