Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta ya Uganda yabujije igurishwa ry'inzoga zo mu masashe
Leta ya Uganda yabujije urudandaza rw'inzoga zitekewe mu masashe, abategetsi bakamenyesha ko zibangamiye amagara y'abantu.
Izo nzoga zikaze cane zitekeye mu dusashe dutoya zisanzwe zikundwa n'abanyagihugu bafise amikoro make kubera zizimbutse, mu gihe kamwe kagurwa munsi y'amadolari 0.13 (hafi amashilingi 490 ya Uganda).
Leta yari yatanze ikiringo c'ugushika kw'igenekerezo rya 31 ku makompanyi asanzwe agurisha izo nzoga zo mu masashe ko zategerezwa kuba zasubirije ayo masashe n'amacupa apima milimetero 200 (200ml).
Umushikiranganji wa Uganda ajejwe ubudandaji n'amakoperative Amelia Kyambadde, yabwiye BBC ko utwo dusashe twari dusigaye mbere tugurwa n'abana b'abanyeshure.
Avuga ati: "Bivanye n'uko izo nzoga zizimbutse, abantu bazitekera mu dusaho twabo, mutubweta turimwo ibikoresho vy'ibiharuro (boites mathematicales), canke mu mifuko y'impuzu. Zari zisigaye zinyobwa ku rugero rurenze".
Umumenyeshamakuru wa BBC, Dear Jeanne akorera ku mugwa mukuru Kampala, avuga ko abanyagihugu ba Uganda bafise ubwoba ko iyo ngingo izotuma abanywi baca bikora ku nyobwa zitemewe zikorerwa mu kinyegero.
Igihugu ca Uganda kiri mu bihugu binywa inzoga nyinshi ku mubagane wa Afrika.
Icegeranyo co mu 2018, c'igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi (OMS) kijejwe kwihweza ingene inzoga zinyobwa kw'isi kivuga ko igihugu ca Uganda kigira indwi ku rutonde rw'ibihugu binywa inzoga nyinshi muri Afrika.
OMS ivuga ko ibice 21 kw'ijana (21%) vy'abanyagihugu ba Uganda banywa inzoga zirenze urugero mu mwanya muto.
Iyo ngingo ya Leta ni imwe mu ngingo nke igihugu ca Uganda cafashe mu ntumbero y'ukurwanya akaborerwe.
Uganda nta tegeko ryanditse rifise rivuga ibijanye n'inzoga canke n'ibijanye n'ukwamamaza ivy'inzoga.
Ariko leta ivuga ko iriko irategura itegeko rizogenga ibijanye n'inzoga zikorerwa mu gihugu.
Icegeranyo co mu mwaka wa 2014 casohowe na OMS cerekana ko igihugu ca Uganda ari co ca mbere canywa inzoga nyinshi gusumba ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko, imbere ya Tanzaniya, u Rwanda, Uburundi na Kenya.