Amahinguriro y’ibirato asaba Trump kurangiza intambara y’ubucuruzi hagati ya Amerika n'Ubushinwa

Nike hamwe na Adidas ni amwe mu mahinguriro yateye igikumu kw'iryo kete

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nike hamwe na Adidas ni amwe mu mahinguriro yateye igikumu kw'iryo kete

Amwe mu mahinguriro akomeye y'ibirato kw'isi asaba ashimitse Prezida Donald Trump kurangiza intambara y'ubucuruzi hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubushinwa, akagabisha ko "ibintu bishobora kuba nabi cane" ku baguzi.

Mw'ikete ryateweko igikumu n'amakompanyi 173, harimwo na Nike hamwe na Adidas, avuga ko kuduza ikori ku bidandazwa bivuye hanze gushika ku bice 25% bizogira ingaruka mbi nyinshi ku bakozi.

Yanditse ati: "Kwongera ko ibice 25 kw'ijana kuri ayo makori bivuga ko imiryango imwe muri Amerika ishobora kuriha ikori hafi ibice 100 kw'ijana ku birato".

"Ntivyumvikana".

Aragabisha ko amakori y'umurengera ateye impungenge kuri kazoza k'amakompanyi.

Ayo mahinguriro avuga ati: "Harageze ko iyo ntambara y'ubucuruzi ihagarikwa".

Haciye indwi irenga Bwana Trump adugije amakori kuva ku bice 10 gushika kuri 25 kw'ijana ku bidandazwa biva mu Bushinwa bifise agaciro k'imiliyaridi 200 y'amadolari y'abanyamerika.

Ni inyuma y'aho ivyo bihugu bibiri binaniriwe gushika ku masezerano y'ubucuruzi hagati yavyo.

Ubushinwa bwaciye bwihora mu kumenyesha ko butegura kuduza amakori ku bicuruza biva muri Amerika bifise agaciro k'imiliyaridi 60 y'amadolari kuva kw'igenekerezo rya mbere y'ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka.

Igihe amenyesha ko agiye kuduza ayo makori mu ntango za kuno kwezi kwa gatanu, Bwana Trump yabwiye amahinguriro ko ashobora kumanura ibiciro mu kugarukana ibidandazwa vyayo muri Amerika.

Ariko amahinguriro y'ibirato n'ababicuruza bavuga bati: "Ibirato bisaba umutahe munini cane, n'imyaka myinshi y'ukwiyumvira ibjanye n'isoko yavyo. Ntivyoroshe ko amakompanyi yunguruza amahinguriro yayo kugira ngo ajane n'izo mpinduka".

Hari ubwoba ko Ubushinwa bushobora kwihora

Intambara y'ubucuruzi hagati ya Amerika n'Ubushinwa igeze kure. Mu ndwi iheze, ubutegetsi bwa Bwana Trump bwarashize ikompanyi ikora amatelefone ngendanwa Huawei ku rutonde rw'amashirahamwe atemerewe gukoresha ubuhinga bwa Amerika ata ruhusha ahawe na leta.

Iyo ngingo yakurikiwe n'iyindi yafashwe n'ikompanyi Google yo muri Amerika, ikaba yarabujije Huawei gukoresha application ya Android muri telefone ngendanwa zayo.

Uwurongoye ishirahamwe ry'abadandaza ba Amerika mu Bushinwa, Tim Stratford, avuga ko hari amakenga ko igihugu c'Ubushinwa naco gishobora kwihora mu gufatira ingingo amakompanyi ya Amerika.

Igihugu c'Ubushinwa kivuga ko gifise ishaka ry'ugukorana na Amerika kugira ngo bitorere inyishu ukutumvikana kuri hagati y'ivyo bihugu vyompi mu vy'ubucuruzi.

Cui Tiankai, aserukira Ubushinwa muri Amerika, yabwiye televiziyo Fox News ati: "Ubushinwa buriteguye kubandanya ibiganiro na bagenzacu ba Amerika kugira ngo dushike ku nyishu. Imiryango yacu iracuguruye".

Vyitezwe ko abategetsi ba Amerika n'Ubushinwa bazobonanira mu nama y'ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw'isi (G20) mu kwezi kwa gatandatu kuza mu gihugu c'Ubuyapani.