Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imoteri y'indege ya Air Zimbabwe yagize ingorane yatumye haba umuriro mu muringoti w'inyuma
Ikompanyi y'indege yo mu gihugu ca Zimbabwe, Air Zimbabwe, yamenyesheje ko imoteri imwe y'indege yayo yunguruza abantu "yagize ikibazo" ivuye ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Oliver Reginald Tambo ca Johannesburg mu gihugu ca Afrika y'Epfo ku munsi wa Mungu, bituma umucanwa waduka mu muringoti w'inyuma (Tail pipe).
Iyo kompanyi yamenyesheje ko "iyo ngorane" itabujije urugendo rw'iyo ndege Boeing 767-200ER, ikaba yarashitse ku mugwa mukuru wa Zimbabwe Harare mu mahoro.
Air Zimbabwe imenyesha ko amatohoza yatanguye kugira ngo bamenye icateye "iyo ngorane".
Iyo kompanyi imenyesha iti: "Turi n'umubabaro wo kumenyesha ingenzi ko iyo ngorane ishobora kugira ingaruka mbi ku rutonde rw'ingendo zacu".
Umwe mu ngenzi yari muri iyo ndege yanditse ku rubuga rwa Twitter amenyesha ivy'uwo muriro avuga ati: "Niwo munsi natekewe n'ubwoba burenze urugero mu buzima bwiwe".
Bamwe barakeje abadereva b'indege b'ikompanyi Air Zimbabwe kubona bashoboye kumara urwo rugendo, mu gihe abandi nabo babanegura kubona batasubiye inyuma kugira bihweze ingorane ifise.