Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ishirahamwe Mercy Corps rivuga ko guhera kwa Ebola muri Kongo biri kure nk'ukwezi
Ishirahamwe ry'abagiraneza Mercy Corps ryavuze ko hatagize igikorwa ubu bwa vuba, guhera kw'ikiza ca Ebola muri Republika ya Demokrasi ya Kongo biri kure nk'ukwezi.
Umuvugizi waryo, Philippe Marcoux, yavuze ko abakora mu vy'amagara bananiwe guhagarika iyi ndwara, hakaba handura abantu umunani ku munsi.
Umutekano muke hamwe no kutizerana vyarabangamiye ibikorwa vy'ubutabazi; ibigo bitatu bavuriramwo Ebola vyaratewe mu minsi iheze.
Mercy Corps rivuga ko hakenewe vuba cane amafaranga yo gukoresha mu migambi yo kwigisha abanyagihugu kugira bategere ingene Ebola yandukira.
Abantu barenga igihumbi baramaze kwandura uwo mugera mu kiza kiriho ubu - kikaba kigira kabiri mu bubi mu bimaze kuboneka vyose.
Abantu barenga amajana atandatu baramaze kuhasiga ubuzima kuva mu kwezi kwa munani mu mwaka uheze.