Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Freeman Mbowe na Esther Matiko, barongoye umugambwe CHADEMA barekuwe
Sentare nkuru muri Tanzania yarekuye abakuru b'umugambwe utavuga rumwe na leta, CHADEMA, bari bapfunzwe mu mwaka uheze bagirizwa kugumura abanyagihugu.
Freeman Mbowe na Esther Matiko bari bagirijwe kandi guhamagarira abantu gukora ubwicanyi hamwe no gutegura ibikorane bitemewe n'amagegeko.
Aba bakuru b'umugambwe utavuga rumwe na leta ya Tanzania bafashwe mu kwezi kwa cumi na rimwe mu bijanye n'imyiyerekano yabaye mu ntango z'umwaka uheze.
Muri iyo myiyerekano harishwe umunyeshure yafashwe n'urusasu rwataye inzira, rwari rwarashwe n'abapolisi.
Umucamanza yavuze ko uburenganzira bw'abo banyepolitike bwahonyanzwe kuko babanje kwankirwa kurekurwa vy'agateganyo, aca ategeka ko barekurwa ubwo nyene.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri, imigambwe itandatu itavuga rumwe na leta ya Tanzania yariyemeje kwishira hamwe mu kurwanya ico yise "ubutegetsi bw'igitugu" bwa Prezida John Magufuli.