Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ishirahamwe mpuzamakungu ryiyamirije Misiri nyuma yo kunyonga abantu 15 muri uku kwezi
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiyamirije Misiri nyuma y'inyongwa ry'abantu 15 muri kuno kwezi, ONU ikavuga ko imanza zabo zishobora kuba zari iza ngondagondwe.
ONU kandi ivuga ko ukwemara icaha kwabo kwoba kwarabonetse abo bantu babanje kuborezwa igufa.
Ku munsi w'ejo wa kane Misiri yanyonze abagabo icenda bakiri bato bahamijwe icaha co kwica umushinjacaha wa republika, Hesham Barakat, mu 2015.
Abandi bantu batandatu muri abo, banyonzwe bahamwe n'ivyaha bijanye n'urundi rubanza.
Umuvugizi w'ikigo Human Rights Office gifise icicaro i Geneve, Rupert Colville, yahamahagariye Misiri guhagarika ibikorwa vyose vyo kunyonga abanyororo gushika habaye itohoza ku vyagiriji vyo kuboreza igufa.
Umwe mu bagabo banyonzwe kuwa kane, Mahmoud al-Ahmadi, yafashwe video abwira umucamanza igihe yumvirizwa ati: "Twashizwe ku muyagankuba inshuro nyinshi ku buryo dushobora kuronsa Misiri amatara imyaka 20."