Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzaniya: 'Abashingamateka b'abagabo bakwiye gusiramugwa'
Umukenyezi wo mu nama nshingamateka ya Tanzaniya yasavye ko abagabo bose bo mu nama nshingamateka bosuzumwa ngo hamenyekane ko basiramuwe, mu ntumbero yo kwirinda gukwiragiza umugera wa VIH.
Nkuko bivugwa n'ikinyamakuru Mwananchi, Jackline Ngonyani yavuze mu nama nshingamateka ku munsi wa Kane ko umushingamateka uwariwe wese yosangwa atarabikoregwa akwiye gusiramugwa.
Ishirahamwe rya ONU ryitaho amagara y'abantu "Organisation Mondiale pour la Santé" (OMS) rivuga ko gusiramura rigabaniriza abagabo kwandura umugera VIH ku bice 60%.
Madamu Ngonyani yarashigikiwe n'umushingamateka Joseph Selasini, yavuze ko igihugu kibanyi ca Kenya catanguje uwo mugambi ku bashingamateka casanze badasiramuwe, munyuma barasiramugwa.
Ivyo yavuze sivyo - nta bashingamateka basuzumwe mu gihugu ca Kenya.
Ariko mu 2008 bamwe mu banyepolitike barisiramuje ku gushaka kwabo, kugira ngo bahimirize abanyagihugu b'abagabo gukora uwo mugenzo.
Umushingamateka Joseph Kasheku ntiyashigikiye iciyumviro ca Madamu Ngonyani avuga ko biteye isoni.
Yavuze ati: "Abagore basiramuye nabo nyene barakwiragiza umugera wa VIH...kurivyo igihe twoba turaba ko abagabo basiramuye, twotegerezwa kuraba ko n'abagore basiramuwe."
Mu mugenzo wo gusiramura abagore "Female Genital Mutilation" (FGM) bahimbura agahimba ko hanze y'igitsina bita rugongo.
OMS ivuga ko uwo mugenzo "ukomeretsa ibitsina vy'abagore ata mvo z'ubuvuzi zihari."
FGM ishobora gutuma umuntu agira ingorane ku mubiri no mu mutwe.