Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi ca Sudani cataye mu mvuto abari mu myiyerekano
Igipolisi ca Sudani cafashe abantu benshi, kinashwiragiza gikoresheje ivyuka bikoroza amosozi abari mu myiyerekano yo kugwanya ubutegetsi mu gisagara ca Khartoum.
Ababibonye bavuga ko abantu isinzi bariko baja ku kirimba c'umukuru w'igihugu, igihe abajejwe umutekano babazibira.
Hari amakuru avugwa ko iyindi myiyerekano nka mweniyo yabaye no mu bindi bisagara.
Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko ku munsi wa Gatatu, igipolisi cafashe umufasha w'umukuru w'umuhari "Reform Now Movement" (RNM), Gazhi Salah al-Din, kimujana ahantu hataramenyekana.
Iyo midugararo yatanguye mu kwezi kwa 12 inyuma yaho ibiciro vy'ibifungurwa bidugiye, ariko gikuru mu vyo abiha amabarabara basaba, bashaka ko Perezida Omar al-Bashir ava ku butegetsi.
Leta ivuga ko abantu barenga 20 bapfuye muri iyo myiyerekano, umuryango mpuzamakungu ONU ukaba waraneguye inyifato y'igipolisi, uvuga ko cakoresheje inguvu nyinshi hamwe n'amasase y'ukuri.