"Ibiyo vya mudasobwa na telefone ngendanwa ntaco vyica ku bana"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu cigwa giherutse bivugwa ko ibiyo (écrans) vya mudasobwa na telefone ngendanwa ataco vyonona ku bana ba kino gihe bamara umwanya munini kuri ivyo bikoresho.
Ku bwa kaminuza y'ubuvuzi n'amagara y'abana yakoze ico cigwa, ngo nta bituma na bimwe bishingiye ku buvuzi vyobuza abana kuja imbere ya "écrans" za mudasobwa canke telefone ngendanwa.
Abavyeyi ngo bakwiye gutekana ariko ngo bakabuza abana kubikoresha hasigaye isaha imwe ngo baje kuryama.
Gukoresha ivyo bikoresho ukarenza ngo bishobora gutuma abana bavyibuha cane bakagira n'ingorane zo mu mutwe ariko ngo ntawurabihinyuza, nkuko bivugwa n'iyo kaminuza.
Ni nkuko ivuga ko atawurahinyuza akamaro gashingiye ku magara ko kuguma imbere y'ivyo bikoresho.
Ugusaba ngo abana ntibakoreshe ivyo bikoresho isaha imwe imbere yo kuryama, ngo nuko bishobora kugabanya itiro.
Umuco usa n'ubururu birekura ngo urashobora kubuza ko "mélatonine" isohoka, mu gihe ico kinyamubiri arico gituma umuntu agira itiro.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaganga b'abana basaba ahubwo abavyeyi kugenzura ivyo abana baraba kuri za mudasobwa na telefone ngendanwa, bakaraba n'umwanya babikoresha.
Mu cigwa cakorewe muri Amerika ku bana b'imyaka iri hagati ya 8 na 11 bakoresha ivyo bikoresho amasaha ari munsi y'abiri, hatowe ko baronka amanota meza kurusha ababikoresha igihe kirekire.
Abahinga bavuga ko abavyeyi bakwiye kugenzura ingene abana babo bakoresha mudasobwa, telefone ngendanwa n'ibindi nka mwenivyo, ntibitware abana atiro, canke bibabuze gukora ikarashishi canke kumarana umwanya n'umuryango.

Ahavuye isanamu, Getty Images










