Abavyeyi baridogera cane ikoreshwa n'abana babo ry'amatelefone ngendanwa iyo bashitse muhira

Amwana ariko akoresha telefone

Ahavuye isanamu, Emmanuel Clemence

Insiguro y'isanamu, Telefone ishobora gufasha umwana kwiyigisha ariko ni ngombwa ko abavyeyi bama bagavye

Abavyeyi benshi bavuga ko badakora ku matelefone yabo ngendanwa bashitse muhira kubera abana bakunda guca barabamwo ama video

Muri iyi misi bisigaye ari ibisanzwe cane gusanga umwana ariko arakoresha telefone ngendanwa y'umuvyeyi wiwe kandi hari n'igihe umuvyeyi aba atabahaye uruhusha.

Abana bamwe bamwe barazi gukoresha cane telefone ngendanwa ku buryo bugurura ivyo bashatse vyose.

Ariko si abavyeyi bose bemerera abana babo ngo bakoreshe telefone zabo, bamwe barabakarira bakanazipfunga, n'aho kandi hariho n'abo ata co bibabwira abana babo batoye telefone zabo bagishika muhira bavuye mu kazi kabo ka misiyose.

Hariho ababona ko telefone ari co kintu conyene gishobora gutuma abana babo baguma hamwe kugira na bo babone kuruhuka canke bakore utundi tuzi two muhira.

N'akahe karusho umwana aronka iyo akoresheje telefone?

BBC yaravuganye na bamwe mu bavyeyi kugira imenye igihe abana babo bamara kuri telefone zabo n'ingene baheza bakabacungera.

Mama Brian avuga ati: "Mu vy'ukuri, telefone yanje nta burenganzira ndayifitiye, nkishika muhira gusa, abana banyakirana akanyamuneza, hanyuma ikintu ca mbere bansaba ni telefone. Ndayikeneye mbanza kubasaba.

Ihamagaye, ni bo batangura kwitaba. Kenshi na kenshi barabamwo video y'udukoko dukina (dessin anime) canke z'abandi bana nka bo ziri kuri YouTube. "

Umana yicaye mw'ibase ariko arakina na telefone

Ahavuye isanamu, Alex Kayetta

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bana barazi n'indome canke ibiharuro abavyeyi bakoresha mu kwuzugara

Alex Kayetta afise umwana umwe, avuga ko telefone yiwe atayigaba amaze gushika muhira.

Agira ati: "Umwana wanje amaze gufata telefone yanje, kugira ayinsubize, mbanza kumwinginga, asubiriye kuyifata, urinda kumurondeza uruhindu. Hari umusi namusanze yinyegeje mw'ibase ariko arakina kuri telefone nca ndamufotora."

Freddie Kyara n'umutanzania ajejwe kwihweza ibibazo vyo mu mutwe avuga ko ivyo ata ho bitandukaniye n'ingene umuvyeyi iyo amaze kw'itelefone umwanya muremure, abura akaryo ko kwegera abandi, ni na ko bigenda ku mwana.

Telefone ifise ingaruka ku bana

Kyara agira ati: "Gukoresha cane telefone birafise ingaruka mbi ku bana, kuko mu gukura kw'umwana arakenera kumenya ingene abandi bantu babayeho, nko gukina n'abandi bana, no kwiyigisha ibindi bintu bitandukanye ku bandi bagenzi biwe.

"Ariko ubu ushobora gusanga umwana atariko arakina n'abandi kubera yagize telefone umugenzi wiwe wa wenyene.

"Ukwiyumvira ibintu bishasha ku mwana biragabanuka. Igihe twebwe twakura ntitwari tuzi telefone. Kwari ugukina umupira no gukora iyindi mirimo yo muhira, ivyo rero bikaba vyaradufashije kugira ubugenzi n'abantu no kumenya imigenzo y'abantu itandukanye."

Kyara avuga kandi ko umwana ashobora no kumenyera ibintu kuri telefone ariko ni ngombwa kumuba hagufi kuko ikintu cose kiri muri telefone kirafise ico gishobora kumarira umwana canke kikamwonona. Kandi ko ari kubashingira umwanya.

Umwana ari mw'ibase akina kuri telefone

Ahavuye isanamu, Alex Kayetta

Insiguro y'isanamu, Kyara avuga ko ari vyiza gushinga umwanya umwana araba telefone kugira ahejeje ashobore kuja mu zindi nkino

Hari n'ubutumwa butandukanye bugenda burakwiragizwa bugabisha ku ngaruka y'imishwarara ya telefone ku bana bakiri bato, bunavuga ko igihe nyaco co gukoresha telefone ku mwana ari kuva ku myaka 16.

Dr Fredrick Mashili avuga ko ingaruka ziva cane cane ku myaka umwana afise n'aho ku rundi ruhande amaso ashobora kwononekara, ariko nta buhamya buraboneka bwemeza ingaruka z'iyo mishwarara.

Dr Mashili avuga ati:" Hari ubwoba ko umuntu atanguye gukoresha telefone akiri muto, aba yongereje umwanya amaso ashobora gukora ku mishwarara, bikaba atari ibintu vyiza ku maso."