Abitwaje ibigwanisho bishe 37 bagwiriyemwo abagore n'abana muri Mali

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubutegetsi bw'igihugu ca Mali bwavuze ko abantu bafise inkoho bishe abantu 37 b'abasivile bo mu bwoko bw'aba Fulani hagati mu ntara ya Mopti.
Mw'itangazo ryasohowe na leta bivugwa ko abateye, bambaye impuzu ndangamuco z'abahigi, binjiye mu kigwati mu gitondo kare ku munsi wa Kabiri.
Mu bapfuye bivugwa ko hagwiriyemwo abagore n'abana.
Iruhande y'abapfuye, bivugwa ko hari abantu benshi bakomeretse hamwe n'inzu nyinshi zaturiwe.
Ubwo bwicanyi buva ku kibazo kimaze igihe kirekire muri Mali, gishingiye ku matongo n'amazi.
Ubutegetsi buvuga ko bwatanguye itohoza, ngo buronke amakuru arambuye kuri ubwo bwicanyi.
Ishirahamwe ry'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Fulani, Tabital Pulaku, ryegetse ico gitero ku bagwanyi bo mu bwoko bw'aba Dogon, Dana Amassagou, ugizwe n'abahigi b'aba Donso.
Indyane hagati y'aba Fulani n'aba Dogon zariyongeye muri ano mezi ya vuba, mu karere ka hagati k'igihugu ca Mali.
Mu ndwi iheze, leta yatanguje ibikorwa vyo kwaka ibigwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe imigwi y'abitwaje ibigwanisho.










