Abamaze guhitanwa n'umwuzure mu gihugu ca Indonesia bashobora kurenga 1.300

Ahavuye isanamu, Reuters
Igitigiri c'abantu bazwi bahitanywe na ca nyamugigima n'umwuzure ku wa gatanu congerekanye gushika kubarenga 1.300, nk'uko ikigo kijejwe ibiza muri Indonesia kibimenyesha.
Ico gitigiri c'abapfuye caduze kiva ku 844 ku wa kabiri, nyuma ya nyamugigima y'igipimo ca 7.5 yateye hagati mw'izinga rya Sulawesi, igatuma haba umwuzure mu gisagara ca Palu kiri ku kivuko.
Abantu bahaba bari mu bikene butagira uko buvugwa bw'ibifungurwa, igitoro n'amazi meza.
Imiduga itwaye imfashanyo yinjiye muri ico gisagara iherekejwe n'abasirikare hamwe n'abapolisi.
Hari kandi ubwoba ko bamwe bataracikana bakiri musi y'ibihomoke vy'amazu.

'Harashwe amasoro n'ivyuka vyokera'

Umuntu wese twahwanye i Palu agwana no kurondera ibintu vya nkenerwa ku miryango yabo.
Ibintu vyose bisanzwe bikenewe mu gisagara vyarononekaye, hakaba hari amazi make cane meza, umuyagankuba, imfungurwa hamwe n'amazi yo kunywa. Abantu barihebuye cane.
Turabona umugwi w'abapolisi ufise ibigwanisho bacunze iduka, bariko barasagirizwa n'abanyagihugu bashaka ko babareka ngo biryinjiremwo.
Bukwi na bukwi igipolisi casemereye, kigabisha ngo basubire inyuma ari na ko barasa mu kirere amasase n'ivyuka bikoroza amosozi.
Bamwe mu bagabo bateye amabuye abapolisi.

Inyuma y'isaha imwe, abapolisi baneshejwe bareka iryo sinzi ry'abantu ririnjira muri iyo duka.
Ibintu vyaciye bihunduka, ahari agashavu haza umunezero, igihe abantu bariko bariruka mw'ibarabara bafise ivyo basahuye.
Igipolisi cagerageje kubuza abatwara ibintu atari ibifungurwa - bamwe bashaka gutwara ibipupe canke impapuro bakoresha mu kazu ka surwumwe.
Umwe mu bapolisi yavuze ko biri mu kazi kiwe ko gucunga izo duka - ariko yari gukora iki imbere y'iryo sinzi ry'abantu bari mu bukene bwinshi?

Hoba hakiri icizere co gutora abagihema?
Umuryango utabara imbabare wa Croix rouge muri Indonesia wabwiye BBC ko batoye ibiziga vy'abanyeshure 34 musi y'ibihomoke vy'isengero ipfutswe n'umusozi wayibomokeyeko.
Bari mu mugwi w'abanyeshure 86 vyavugwa ko baburiwe irengero mu kigo ca Jonooge Church Training.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abandi 52 basigaye ntawuzi irengero ryabo.
Umuvugizi w'umuryango utabara imbabare Croix Rouge, Ridwan Sobri yabwiye BBC ati:"Ivyondo vyuzuye aho hantu ntiworaba, dutegerezwa kugenda isaha n'igice kugira dushike aho imisozi yabomotse, bikaba bigoye cane."
Abatabara ubu baguma barondera abagihema mu bisigarira vy'igorofa y'inzu zine yari muri ico gisagara.
Abantu bashika 50 ni bo bari mw'ihoteli ya Roa Roa igihe yasenyuka.
Abantu 12 baramaze gutorwa - batatu gusa bakaba ari bo babonetse bagihema.











