Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yemeje igihano c'igipfungo c'umwaka cahawe Jean Pierre Bemba

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yemeje igihano c'igipfungo c'umwaka cahawe Jean Pierre Bemba ku caha co gushaka kugura ivyabona, ariko ntazopfungwa.

Uyu mugabo yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Republika ya Demokrasi ya Kongo, ntibizokenerwa ko agaruko mw'ibohera kubera igihe yarimazemwo.

Ico gihano ciyongerako amande y'ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu vy'amadorali, yaciwe.

Isomwa ry'uru rubanza rikurikiye kwagirwa n'icaha co gutanga ruswa hamwe no kwigisha ivyabona uko bizovuga, mu rubanza yagirizwamwo ivyaha vyo mu ntambara hamwe no guhohotera ikiremwa muntu.

Mu rubanza rwa mbere kuri ivyo vyaha yagizwe umwere aca ararekurwa, akaba yari amaze imyaka cumi mu munyororo.

Yaciye atahuka mu gihugu ciwe yiyandikisha mu bakandida bipfuza kuja mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ariko sentare y'ibwirizwa shingiro muri Kongo yamenyesheje ko bwana Bemba atemerewe kwitoza.