U Burundi bwaraye bwihaye umugambi wa Miliyari 20 000 fbu w’iterambere

"Turiko turagerageza ngo duhinyuze ishusho yahawe uburundi. Sivyo namba u Burundi si igihigu gikenye".
Nikwo Dr Ir Serges Ngendakumana, umuhanuzi mukuru mu biro vy'umukuru w'igihugu asigura intumbero y'uyu mugambi w'iterambere.
Muri rusangi, uwo mugambi uzomara imyaka 10.
Perezida Pierre Nkurunziza yatanguje uwo mugambi, yarasiguye igituma uzotwara imyaka myinshi kuruta iyahora itunganywa.
Perezida Nkurunziza yavuze ati, "Uburundi ntibukibaho ku munsi ku munsi".
Yongeye ati, " Ni intambwe yo kwiyumvirira igihugu n'abarundi mu gihe kirekire kuruta".
Uyu mugambi wakozwe n'umurwi w'abahinga 70 batowe mu bisata bitandukanye vy'ubuzima bw'igihugu.
Aba bisunze icegeranyo c'abandi bahinga bari bamaze umwaka batohoza ibikorwa nyamukuru vyoshimikwa ko.
"Turategekanya ko mur'iyo myaka cumi, igihugu kizotera imbere ku rugero rw'ibice 10,2%, n'imiburiburi."
Niko bwana Serges Ngendakumana, umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu avyerekana.

Amahera y'uwo mugambi, azova mu barundi ubwabo.
Bwana Serges Ndikumana anongera ko "ata gihugu kibura umugenzi".
Uwo mugambi uzoshimika ku bice 8 vy'ubuzima bw'igihugu.
Hashirwa imbere uburimyi n'ubworozi, amahinguriro n'inyubakwa zishigikira ubudandaji, no gukomeza ubumenyi n'indero.
Uyu mugambi ukurikiye uwundi wawubanjirije wari wateguwe kumara imyaka itatu wiswe CSLP I & II.










