Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwahoze ari icegera ca prezida Jean Pierre Bemba azitoreza kuba prezida wa RD Congo
Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca RD Cogo, Jean Pierre Bemba, yavuze ko afise umugambi wo kwitoza mu kibanza ca prezida mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Bemba yabwiye BBC ko mu gihe ayo matora yoba mu muco, atacotuma atemera ivyayavuyemwo, hagusubira gufata ibigwanisho nk'uko yabigenjeje ubuheruka.
Ategura gusubira muri Congo muri iyi ndwi avuye mu Bubiligi inyuma y'imyaka cumi yari amaze mw'ibohero.
Yarekuwe inyuma yo guhanagurwako ivyaha vyose muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu gisata c'iyungururizo.
Reta ya prezida Kabila ivuga ko Bemba adashobora kwitoza mu mabanga y'umukuru w'igihugu yigeze guhamwa n'icaha co kurya igiturire ariko uwo yahoze ari umugwanyi aracakurikirana urwo rubanza muri sentare.
Bemba yabwiye BBC ko yitegiye kugiriranira ibiganiro na prezida Kabila.
Ayo matora amaze gusiba umwanya muremure ategekanya kwerekana uwuzosubirira Kabila ku butegetsi, kuko ikiringo ciwe ca kabiri carangiye haraheze imyaka ibiri.