Muri Kenya, igipolisi cagirizwa gukorana n'abakubagura aba Somali

Ivyo bigo biberamwo ayo mabi vyiyita ko bigendera ku mico ya Islamu. Leta isa n'iyarengewe n'ibihabera.

Abagabo n'abagore b'aba Somali baraborezwa igufa mur'izo nyubakwa ziri muri Kenya, leta inazi.

Ivyo bigo barimwo, vyitwa ko baba bariko barahugurwa, ngo bagendere imico yabo.

Aba menyeshamakuru ba BBC bahawe intahe n'urwaruka rw'aba ba Somali ko ababakubagura babagiriza 'ivyaha'.

Ivyo navyo ni nk'abafise abakobwa bakundana, abanywa inzoga canke itabi.

Karitiye ya Eastleigh iri mu muji wa Nairobi, yataziriwe 'Mogadishu'.

Imvo n'uko haba aba Somali benshi.

Urudandazwa n'iyindi mirimo ifatiye ku mico ya Islam, iraharwiriye.

Ni mur'ako gace, cane cane ahitwa Darushifa, hari izo nyubakwa zibera mwo ayo mahano.

Bamwe mur'abo ba Somali banabakura mu bitaro.

Umwe mur'abo asemerera ari mw'idirisha ati :

"Baraje baranyuruza banzana hano. Mushake mubaze, ntaco nari nakoze".

Nta kinyegezwa mur'iryo kubagurwa.

Ben Njega, yari umwe mubafasha abagira ibibazo mur'ako karere ka Darushifa.

Yararengewe n'ivyo yabona, ari naco camutumye gufasha abamenyesha makuru gutohoza iyi nkuru.

Yabwiye BBC ko iryo kubagurwa ryamaze kuba nk'irisanzwe.

Ashinga intahe ati :

"Mpora mbona abantu bavunywe amaboko, banazanwa mu bitaro".

Ben yongera ati, "Iyo umuntu yaremvye, nt'aba akinashobora kuvugisha umuntu n'umwe. Nta buzima aba akibona imbere yiwe"

Iryo kubagurwa ribera ahantu hatanabona.

Abajejwe kurinda ivyo bigo, baboneka bahatira urwo rwaruka kunywa ivyitwa "Harmala".

Iyo bakubitwa banabinyoye, bibatuma kuyorwa binateye ubwoba.

Hari n'igihe urwo rwaruka rutwarwa mur'izo nyubakwa, ku gushaka kw'imiryango yabo.

Uruhara rwa bamwe mu miryango y'urwo rwaruka

Ali yashikanywe mur'imwe mur'izo nyubakwa, nyina wiwe amenyesha ko ariha ama dolari 500 ku kwezi.

Avuga ati "Umuhungu wanje yatwawe n'ibiyayura mutwe, nizeye ko babimukuramwo".

Uwundi musore avuga ko yazanywe mur'ico kigo kubera yari yanse kuja kwiga.

Bamwe um ba polisi ba kenya bavurwa ko bafise uruhara mur'iryo kubagurwa.

BBC yafashe amasanamu y'aba polisi bashikanye umusore kur'ico kigo ca Darushifa.

Uwo mu polisi yumvikana avuga mu giswahili, uyo musore ari ku mapingu ati:

"Uyu ntiyari bwa mere nabi, mugabo nt'aza guteba".

Abo ba polisi nibo bafata abo basore n'inkumi bakabashikana mur'ivyo bigo.

BBC yagiye kurondera umuyobozi w'ikigo ca leta "NACADA" kijejwe iyubahirizwa ry'imico.

Judith Tawala yasiguye ati:

"Turazi ko bamwe mu barongoye ivyo bigo bamaze gufatwa, mugabo bagaca barekurwa".

Ati, "Nibaza ko ubutungane bwa Kenya bufise ibindi vyihutirwa kuruta".

Igipolisi ca Kenya ntaco kirishura ku bijanye n'ivyo bigo.