Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitego ca Benjamin Pavard ni co catowe nk'igitego ciza cane mu gikombe c'isi 2018
Igitego ca Benjamin Pavard w'Ubufaransa ni co catowe ko ari co ciza cane mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi riheruka kurangira mu Burusiya itariki 15 z'ukwezi kw'indwi.
Ico gitego yagitsinze Argentine ku mupira yateye atawuhagaritse uca ubandanya mw'igoli uciye mu buryo bw'umunyegoli wa Argentine.
Igitego c'uwo mukinyi w'inyuma yerekanye uyu mwaka ko akomeye cane caronse amajwi imiliyoni zitatu ku rubuga ngurukanabumenyi rwa FIFA, akaba ari yo majwi menshi cane amaze kuboneka.
Inyuma y'urwo rukino, Pavard w'imyaka 22 yavuze ati:"Sinigeze nibaza ikintu na kimwe. Nagerageje gusa gutera uwo mupira kugira winjire."
Ubufaransa bwatsinze Croatia ibitego 4-2 mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi ku ncuro ya kabiri.
Pavard yongeyeko ati:"Umupira wari hejuru gato igihe wanshikira. Nagerageje kuwutera ndawerekeza iyo uvuye, ivyo abakinyi b'imbere bahora bambwira.
"Mbonye umupira winjiye mw'igoli naranezerewe cane."
Igitsindo ciza kigira kabiri ni ica Juan Quintero wo muri Colombia yatsinze Ubuyapani.
Luka Modric ari mu kibanza ca gatatu ku gitsindo yatsinze Argentine.