Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amakompanyi ya telefone muri Uganda yiteguye gutoza amakori kuri WhatsApp
Amakompanyi atatu y'amatelefone muri Uganda yasohoreye hamwe itangazo rifasha abanywanyi bayo gukurikiza itegeko ritangisha amakori kuri whatApp rizotangura kuja mu bikorwa itariki imwe z'ukwezi kw'indwi.
Airtel, MTN na Africell yerekanye amahera yotangwa bri musi, ku ndwi no ku kwezi bongera baranerekana n'ingene yorihwa.
Abashingamateka bo muri Uganda baremeje itegeko ritangisha ayo makori ryateye impari nyinshi inyuma y'aho prezida Yoweri Museveni avugiye ko imbuga ngurukanabumenyi zikwiragiza ibihuha.
Abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi nka Facebook, WhatApp, Viber na Twitter bazotegerezwa kuriha buri musi amashilingi 200 (0.05$).