Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyigaragamvyo yasubiriye i Gaza, 2 bahasize ubuzima
Abajejwe ivy'amagara i Gaza bavuga ko abasirikare ba Isiraheli bishe abandu babiri bakomeretsa abandi benshi mu myiyerekano y'Abanyepalestine ku rubibe na Isiraheli yasubiriye.
Igisirikare ca Isiraheli cavuze ko carashe abandi bari begereye ibirindiro vyaco bikingiye urubibe.
Abasirikare kandi bakoresheje ivyuka biryana mu maso ku migwi y'abantu bari bakoraniye mu bibanza bitanu.
Abanyepalestine basaba ko impunzi hamwe n'abazikomokako bemererwa gusubira ku butaka bw'abasokuruza babo ubu bufiswe na Isiraheli.
Ariko umuvugizi wa Isiraheli yagirije abarwanyi b'umugwi Hamas kuba bahimiriza abantu i Gaza ngo batere urubibe banice Abanyaisiraheli.