Sentare muri Isiraheli yahagaritse kwirukana abimukira

Imyiyerekano y'abimukira biyamiriza kwirukanwa na leta ya Israel itariki 07/02/2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abimukira bo muri Eritreya na Sudani nibo bashikanye ikirengo muri sentare

Sentare yo muri Isiraheli yahagaritse umugambi wa leta wo kwirukana ibihumbi vy'Abanyafrika b'abimukira, binjiye muri ico gihugu mu buryo budakurikije amategeko.

Umugwi w'abimukira bavuye mu bihugu vya Eritreya na Sudani nibo bashikanye ikirego muri sentare.

Sentare yategetse leta kuzana izindi nsiguro ku mugambi wayo wo kubwiriza abo bimukira kuba bagiye uku kwezi nikwahera, canke bagapfungwa bakazonirukanwa ku nguvu.

Kurungikwa mu Rwanda na Uganda

Isiraheli yiyemeje gutanga amatike y'indege ya gusa hamwe n'ibihumbi bitatu vy'amadolari kuri umwe wese yemeye kugenda.

Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli, Benjamin Netanyahu, avuga ko izo mpunzi ari nk'abacengezi.

Biravugwa ko ibihugu vy'u Rwanda na Uganda ari vyo Isiraheli ishaka kurungikamwo abo bimukira, ariko ivyo bihugu vyose birabihakana.

Izindi nkuru nk'iyi: