Imvura yononye vyinshi muri Kenya

Rimwe mu mabarabara yatewe n'amazi y'imvura mu gisagara ca Nairobi
Insiguro y'isanamu, Rimwe mu mabarabara yatewe n'amazi y'imvura mu gisagara ca Nairobi

Uduce dutandukanye mu gihugu ca Kenya twatewe n'amazi y'imvura yaguye ijoro ryose, ibuza amabarabara kurengana.

Amakuru ava mu ntara zitandukanye avuga kw'imvura yaguye yari ifise inguvu nyinshi, ituma imiduga n'abantu batwagwa.

Ikigo c'umusaraba utukura "Croix Rouge" cavuze ko abantu batanu bari mw'ikamyo basunitswe n'amazi ahitwa Kitui ku birometero 180 mu buseruko bwa Nairobi.

Ku mbuga yaco ya Twitter, kivuga ko amabarabara menshi yononekaye mu gihugu, bituma uturere twinshi tutakirengana.

Mu ntara ya Kajiado mu bumanuko bwa Kenya, mu duce tumwe tumwe ntawukimenya aho ibarabara ryaca
Insiguro y'isanamu, Mu ntara ya Kajiado mu bumanuko bwa Kenya, mu duce tumwe tumwe ntawukimenya aho ibarabara ryaca

Abakozi baharugwa mu bihumbi babuze aho baca, benshi basiba imirimo yabo ya minsi yose kubera iyo mvura.

Bivugwa ko hari imvura nyinshi mu karere ka Afrika y'ubuseruko, abakurikirana ivy'ibihe bakaba bavuze ko izogwa igihe kirekire mu muji wa Nairobi no mu gihugu hagati.

Imiserege itwara amazi yuzuye irarengwa
Insiguro y'isanamu, Imiserege itwara amazi yuzuye irarengwa

Hari imodoka nyinshi zakwamiye mu mabarabara ya Nairobi yari yuzuye ararengegwa.

Imodoka zarengana bigoranye
Insiguro y'isanamu, Imodoka zarengana bigoranye

Mu gihugu ca Kenya imvura ikunze kugwa hagati y'ukwezi kwa gatatu n'ukwezi kwa gatanu, ariko ababura ibihe bavuga ko uno mwaka hategekanijwe imvura nyinshi.