Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwarongoye Irlande yavuze ko Ekleziya Gatolika yinuba abakobwa
Uwigeze kurongora igihugu ca Irlande yaneguye Ekleziya Gatolika avuga ko igwiriyemwo abadakunda abakobwa.
Mary McAleese yavugiye ayo majambo i Roma mu nama ya "Voices of Faith" (amajwi y'ukwemera), itumirwamwo abagore bakomakomeye b'abagatolika kw'isi.
Bahimbaza umunsi mukuru wagenewe abagore, basaba kugira ijambo mu burongozi bwa Ekleziya.
Papa Francis yanse kuja mw'iyo nama, yanka no kubasomera imisa.
Radiyo Vaticano yanse gutangaza ivyo basaba ku bijanye no kunganisha ibitsina.
"Ekleziya Gatolika ni ikirindiro kinini kiterekwa abakobwa," niko Madamu McAleese. "Ni ihwaniro ry'abadakunda abakobwa.
"Hari ibibanza bike vyategekanirijwe abagore mu burongozi.
Madamu McAleese yavuze ko abagore badafise amabanga akomeye bajejwe muri Ekleziya.
Uburongozi bw'isengero "budakunda abantu ntibwemera abavanamwo inda, iryo si isengero rya kazoza", niko yabandanije avuga.
"Ntitwipfuza kuba ico Papa yita inkere zishariza gateau", niko yavuze.
"Amajwi yacu arimwo umuyaga w'ihinduka, dutegerezwa kuvuga," niko yabandanije avuga.
Mu myaka iheze abagize umuhari gatolika w'abagore, bahimbariza umunsi mukuru mpuzamakungu w'abagore hagati muri Vatican, ariko uno mwaka intumwa 2018 ntizemerewe kuhashika.
Ubutegetsi bwa Vatican bwaranse kwakira umugore w'umuganda ashigikiye abakundana basangiye igitsina, mu gihe mu gihugu ciwe ari icaha.
Bwankiye n'uwitwa Tina Beattie, umwigisha wa Théologie y'abagatolika mu Bwongereza.
Cardinal Kevin Farrell, akomeye mu butegetsi bwa Vatican, yavuze ko bidakwiye ngo abo bagore baja muri iyo nama.
Iyo nama yabereye ku biro bikuru vy'aba Jésuites biri hanze y'igisagara ca Vatican.
Pape Francis yavuze ko ashigikiye ko abagore bahabwa amabanga mu burongozi bwa Vatican, ariko ntiyemera ko bahabwa ubupadiri.