Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare b'abarundi baguye mu gitero ca Al Shabaab
Amakuru aturuka mu gisirikare c'Uburundi avuga ko abasirikare batatu bari mu mugwi wa Amisom muri Somalia bapfuye, abandi indwi barakomereka mu gitero cagabwe n'umugwi Al Shabab.
Mu butumwa bwarungitswe n'umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, bivugwa ko hari abasirikare bane atawuzi irengero ryabo.
Gaspard Baratuza avuga ko abapfuye baguye mu mutego w'igisasu caturitse, munyuma imodoka zitwaye abasirikare b'abarundi zivuye Mogadishu zitegwa roketi.
Ico gitero ngo cabereye ahitwa Jowhar ku munsi wa gatanu igihe c'isaha zine n'inusu.
Amakuru aturuka mu binyamakuru avuga ko Al Shabaab yemeje ko yishe abasirikare b'abarundi 23, isambura n'imiduga 17 hafi y'ahitwa Balad ku birometero 30 mu buraruko bwa Mogadishu.
Si ubwa mbere Al Shabaab igaba ibitero ku basirikare b'abarundi bari mu mugwi Amisom ufasha kugarura amahoro n'umutekano muri Somalia.
Mu kwezi kwa gatandatu mu 2015, abasirikare b'abarundi barenga 50 barishwe n'abagwanyi b'umugwi Al Shabaab mu buraruko bushira uburengero bwa Mogadishu.