Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya ivuga iti "Miguna si Umunyakenya!", arirukanwa
Ubutegetsi bwa Kenya bwavuze ko umunyapolitike Joshua Miguna Miguna yaraye arungitswe ku nguvu mu gihugu ca Canada, ata bwenegihugu bwa Kenya afise, mw'itangazo rya leta ryasohowe uno munsi. Busigura ko bwasubije Bwana Miguna muri Canada mw'ijoro ryarangiye, bwisunze amategeko agenga ubwenegihugu n'abimukira 33(1) na 43(1).
Miguna ngo yahunze Kenya mu 1988 yitwaje igitabo c'inzira c'ikindi gihugu, aja muri Canada, aho munyuma yahawe ubwenegihugu bwaho.
Munyuma ngo yaragarutse muri Kenya aronka igitabo c'inzira ca Kenya mu 2009 ariko ico gihe bikaba vyari bibujijwe kugira ubwenegihugu bubiri icarimwe.
Busigura ko Miguna yaronse ico gitabo c'inzira ca Kenya bidaciye mu mategeko.
Igisata kijejwe ubwenegihugu n'abimukira kivuga ko kuva inyuma y'iyemeza ry'ibwirizwa shingiro rishasha mu 2010, abanyagihugu bemerewe kugira ubwenegihugu bubiri ariko abo ubwa Kenya bwari bwafuswe bakaja kwongera kubisaba.
Miguna Miguna ngo ntavyo yakoze, gutryo ngo aguma ari umwenegihugu wa Canada na burya n'igitabo c'inzira ca Kenya afise atagihawe mu nzira y'ukuri.
Bwana Miguna yasubijwe muri Canada n'ubutegetsi ku nguvu, inyuma yaho yagirijwe guhemukira igihugu yarahije kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Raila Odinga.
Yagirizwa kuba yagiye mu birori vy'irahira rya kizigenza w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Raila Odinga, yirahije ka Prezida w'abanyagihugu.
Ka munyamategeko, Miguna yoba yashize umukono ku rwandiko yarahiriyeko.
Umucamanza wa sentare yari yategetse ko Bwana Miguna arekugwa yigomboje amahera, ariko ntivyubahirizwa.