Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intererano y'amatora yo mu 2020 mu Burundi izotangwa gute?
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwashize ahabona itegeko ritunganya ingene intererano y'amatora ya 2020 izokwegeranywa mu banyagihugu.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umushikiranganji Pascal Barandagiye yasiguye ko Umurundi wese azosabwa intererano ihuye n'uburyo afise.
Iryo tegeko rishira mu migwi itatu Abarundi bazosabwa intererano; umugwi wa mbere ugizwe n'abirimizi borozi, uwa kabiri urimwo abakozi ba reta, mu gihe uwa 3 ugizwe n'amashirahamwe, ama syndicat, amahinguriro, amakoperative n'amadini.
Intererano izotangwa gute?
Mu kiganiro umushikiranganji Pascal Barandagiye yatanze kuri uno wambere, yasiguye ingene iyo migwi izoterera:
- Ku birimizi, urugo ruzotanga amafaranga ibihumbi bibiri ku mwaka, urwaruka rufise imyaka yo gutora bazoriha umwe umwe amafaranga igihumbi ku mwaka.
Abari muri uwo mugwi bazotanga amafaranga kubajejwe intwaro mu makomine, abo nabo baheze bayegeranye bace bayajana kuri konte iri mw'ibanki nkuru y'igihugu.
- Abakozi ba reta ariwo mugwi wa kabiri, bazokatwa amafaranga ku mishahara hisunzwe umwe wese ingene ahembwa:
- Abakozi batarenza ibihumbi 50 vy'umushahara bazokatwa 500 ku kwezi.
- Abafise umushahara uri hagati y'ibihumbi 50 n'ijana bazotanga 1000 ku kwezi.
- Abafise hagati y'ibihumbi 100 n'amajana abiri bazokatwa ibihumbi bibiri.
- Abahembwa hagati y'ibihumbi 200 n'amajana atanu bazotanga ibihumbi bitanu buri kwezi.
- Abahembwa hagati y'ibihumbi 500 n'umuriyoni bazokatwa ibihumbi 30 ku kwezi.
- Abafise umushahara w'umuriyoni kuduga bazoterera umushahara wabo w'ukwezi kwose buri mwaka.
- Ku mugwi wa 3 ugizwe n'amadini, amashirahamwe, amakoperative n'amahinguriro, itegeko ntirivuga igitigiri c'amafaranga bazoterera ingene kingana. Umushikiranganji asigura ko bazoterera ukwo bavyumvya.
Hazotozwa angahe?
Ku bw'umushinkiranganji Barandagiye rero ngo iyo ntererano ntaho ihuriye no kuriha ikori canke akigoro ko mu ntambara.
Pascal Barandagiye amenyesha ko yaba amafaranga biteze ku munyagihugu yaba ayakenewe kugira amatora yimirije agende neza ataramenyekana, akavuga ko bikiriko birigwa.
Umugambi wo guterera amatora wuguruwe icese n'umukuru w'igihugu mu kwezi kw'icenda uyu mwaka, aho yatanga amafaranga y'amarundi imiriyoni zitanu.
Ico gihe Petero Nkurunziza yasavye Abarundi bose gukora batyo.
Itegeko rizoja mu ngiro kuva mu kwezi kwa mbere kw'umwaka wa 2018.