RDC: Igipolisi caburijemwo imyiyerekano itarekuwe n'amategeko

Ahavuye isanamu, OPPOSITION DRC
Igipolisi cateye ivyuka bikoroza amosozi abari mu myiyerekano mu bisagara vyinshi mu gihugu ca RDC, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.
Abari mu myiyerekano bariko barasaba ko prezida Joseph Kabila atanga imihoho.
Abarongoye imigambwe itavuga rumwe na reta barahiye bararengwa ko bategerezwa kugira iyo myiyerekano n'aho bayibujije.
Ku mugwa mukuru Kinshasa, igipolisi carashe ivyuka vyokera mu majana n'amajana y'abantu bari imbere y'inzu ibamwe ibamwo umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta, Felix Tshisekedi, nk'uko bivugwa na AFP.
Abatavuga rumwe na reta baguma bashira inkuru ku rubuga rwa Twitter zivuga uko imyiyerekano iriko iragenda.
Tchisekedi yahamagaje iyo myiyerekano yasubiwemwo na AFP avuga ko yasavye abantu kwihereza amabarabara "mu kwerekana ko barambiwe n'ubwo butegetsi bashaka ko buvaho".
Abatavuga rumwe na reta bashaka reta mfatakibanza kuva itariki 31 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.
Ariko akanama kajejwe amatora karamenyesheje mu ntango z'ukwezi kwa cumi na rimwe ko amatora azoba inyuma y'umwaka itariki 23 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2018.
Itariki y'amatora yagumye itera amatati- prezida Kabira akaba yarahakanye kuva ku butegetsi inyuma y'ikiringo ciwe ca kabiri mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2016, n'aho habaye ukumwiyamiriza.










