Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urwanda rwemeye kwakira abimukira b'abanyafrika bari muri Libya
Urwanda rwemeye kwakira abimukira b'abanyafrika bagorewe muri Libya inkuru zivuga ko bariko baragurishwa nk'abaja.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu Louise Mushikiwabo yavuze ko Urwanda rushobora kwakira abashika ibihumbi mirongo itatu.
Yavuze ko Urwanda, rufatiye kuri kahise karwo ka jenoside, rudashobora kuguma mu gacerere mu gihe abantu bariko baragurishwa nk'ibitungwa.
Hari amasanamu aherutse kugaragara yerekana abasore b'abanyafrika bariko baragurishwa muri Libya ku madolari amajana ane umwe umwe.
Ibihumbi amajana vy'abanyafrika baraca muri Libya buri mwaka bagerageza kuja i Buraya.