Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukinyi wa kera w'Amavubi y'u Rwanda yitavye Imana
Umukinyi akomeye yahora mu mugwi Amavubi userukira igihugu c'u Rwanda, Ndikumana Hamad azwi kw'izina rya "Katauti" yitavye Imana giturumbuka.
Ndikumana yahora ari umufasha w'umumenyereza w'umugwi wa Rayon Sports, yapfiriye mu bitaro biri mu gisagara ca Kigali. Umuvugizi w'uwo mugwi, Olivier Gakwaya, yabwiye BBC ko Katauti yari ejo mu kazi kiwe ka minsi yose, imbere yuko asubira muhira iwe muri karitiye ya Nyamirambo."Munyuma yumvise atamerewe neza, agenda kugura umuti mw'iduka ry'imiti ariko munyuma aguma aremba, ajanwa mu bitaro CHUK ariho yapfiriye", niko Olivier Gakwaya yavuze.
Ndikumana yarakinye mu mugwi wa Rayon Sports no mu mugwi w'igihugu c'u Rwanda kuva mu mwaka w'i 1998.
Yarakinye no mu bihugu vyo hanze mu migwi ya Gent na Anderlecht mu Bubiligi, hamwe no muri Omonia Nicosia na Limassol yo mu gihugu ca Chypre.
Mu 2009 yarubakanye n'umukinyi rurangiranwa w'isinema wo muri Tanzaniya, Irene Uwoya bazi kw'izina rya Oprah, munyuma baravana inyuma y'imyaka itatu.