Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburaya ngo ntibufata abimukira nk'abantu
Igisata ca Onu citaho agateka ka zina muntu kivuga ko inyifato y'ibihugu vya Buraya mu gufata abimukira mu kiyaga Méditerranée no ku basubiza inyuma mu gihugu ca Libiya, ko itabereye kiremwa muntu.
Mu cegeranyo casohorewe i Geneva, Zeid Raad Al Hussein yavuze ko abimukira b'abanyafrika babayeho nabi mu mabohero yo mu gihugu ca Libiya.
Yavuze ko ibihakoregwa bitabareye kiremwa muntu.
Ku bitigiri vyasohowe na Leta ya Tripoli, abimukira 20000 nibo bapfungiwe muri Libiya.
Mu kwezi guheze, abanyororo babwiye abakora itohoza ba Onu ko bakubitwa, bakanahohotegwa ku bijanye n'igitsina.