Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida Emmanuel Macron muri Arabie Séoudite
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron ari mu gihugu ca Arabie Séoudite mu rugendo atateguje mu gihe hari uruhagarara hagati y'iyo ngoma n'igihugu ca Libani.
Urwo rugendo rubaye haheze iminsi umushikiranganji wa mbere wa Libani Saad Hariri avuze ko atanze imihoho ari i Riyadh, avuga ko abitewe n'imvo z'umutekano.
Arabie Séoudite na Irani bagirizanya gutera umudurumbanyo mu gihugu ca Libani no mu karere kose.
Bwana Macron n'abategetsi ba Saudi baganiriye ku ruhagarara ruri mu gihugu ca Yemeni, aho Riyadh irongoye ingwano ikogwa ku nyeshamba.
Ubufaransa burafitaniye imigenderanire n'igihugu ca Libani kuva kera, mu gihe aribwo bwagikoronije imbere yuko cikukira igihe c'ingwano ya kabiri y'isi yose.
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa yari mu rugendo mu gihugu ca Emirats Arabes Unis ku munsi wa kane kwugurura inyubakwa y'ibishingugwamwo ivya kahise "Louvre Abu Dhabi".
Nta makuru arambuye araja ahabona ku vyatumye Bwana Hariri ahunga, mu gihe hari abavuga ko afungiwe Riyadh.
Bwana Macron yavuze ku munsi wa kane ko yagiranye umubonano na Bwana Hariri ariko ntiyasobanura ivyo bavuganye, mu gihe umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubufaransa n'amakungu yemeza ko atacobuza Bwana Hariri kwidegemvya.
Avugira kuri televiziyo ku munsi wa gatandatu, Bwana Hariri yamenyesheje ko atanze imihoho ku mvo z'umutekano atasobanuye.
Bwana Hariri yaridogeye umuhari Hezbollah, ukomeye cane mu vya politike no mu vya gisirikare muri Libani no muri Irani.
Hari ubwoba ko Libani ishobora gutuma haduka imishamirano hagati y'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Sunni bari ku butegetsi muri Arabie Séoudite hamwe n'aba Shia bagwiriye muri Irani.