Abapfasoni 100: Ubudasa mu mupira w'amaguru hagati y'abahungu n'abigeme mu Burundi

Umupira w'amaguru w'abagore mu Burundi uracari inyuma cane ugereranije n'uwo abagabo .

Imigwi y'abakobwa iracari mike, n'amahiganwa ntibamaze kwitaba menshi.

Ubudasa hagati y'umukinyi canke umumenyereza w'umugore n'umugabo buracari buni cane

Dany Nibimenya n'umumenyereza mukuru w'umugwi w'igihugu w'abakobwa badashikana imyaka 20.

Uwo mukobwa w'imyaka 29 aherutse guheza kaminuza avuga ko umupira w'amaguru w'abagore ukiri inyuma cane kuko mu myaka iheze ho kuwukina bitabonwa neza.

"Ubwa mbere nari umuguruguru, urinze ukina umupira w'amaguru uri umukobwa, uba uri umuguruguru, abantu babona nk'uko umenga nasaze, kuko mu mico yacu mu Burundi, umwigeme n'uwo gukora ibikorwa vyo muhira, kera bavuga ko umupira w'amaguru ari uwo ibirobezo ari co gituma vyari bigoye ko abavyeyi bagutahura," uko ni ko umumenyereza Dany Nibimenya avuga.

Ubu ngo abantu bariko barahindura buke buke ingene babona umukobwa akina umupira w'amaguru.

Charlotte Irankunda akinira umugwi FOFILA w'i Ngozi avuga ko " muhira bavyakiriye neza n'aho ababanyi bo batabibonye co kimwe n'abavyeyi. Akenyi mu kibano bavuga ko abigeme bakina umupira w'amaguru usanga ata ndero bafise, ariko ivyo bavuga biratandukanye n'ivyo twebwe tubona."

Uko umupira w'amaguru w'abagore ukiri mu ntango, n'agashiruka bute canke umushashara bakurayo uracari hasi ugereranije n'uwabagabo.

Dany Nibimenya ari umumenyereza mukuru w'umugwi w'igihugu w'abakobwa badashikana imyaka 20 avuga ko aronka umushahara uri munsi y'uwa mugenzi we amenyereza umugwi w'abahungu.

"Ntituronka agashahara kamwe, ngira bizotinda bishika. Kubwa nje nibaza ko tukiri bashasha kandi n'umupira w'amaguru mu bigeme ntizwi cane. Nababwiye ko tukiriko turiga gutambuka, reka twizere ko imbere ari heza.

Gushika ubu mu burundi hari imigwi 8 y'umpiura w'amaguru w'abapfasoni, muri iyo yose nta bakina uwo mupira nk'umwuga, babikina kubera babikunda gusa.

Nta mafaranga umupira wabo winjiza kuko gushika ubu n'inkino zabo zirorerwa kuri gusa.