Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jacob Zuma yashavuje abatavuga rumwe na leta ya Kongo
Umwe mu bakomeye batavuga rumwe na leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, yagirije Prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, gutuka Kongo.
Mu rugendo yarimwo i Kinshasa ejo kuwa Mungu mu rwego rw'ishirahamwe ry'akarere, SADC, Bwana Zuma yavuze ko iryo shirahamwe rishigikiye icifuzo co gusubira kwigiza inyuma amatora muri Kongo.
Jean-Marc Kabund wo mu mugambwe utavuga rumwe na leta, UDPS, yavuze ko ivyo ari nko gucira mu maso y'Abanyekongo.
Amatora muri Kongo yagomba kuba yarabaye mu kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze.
Umugwi ujejwe amatora mu ndwi iheze wavuze ko amatora adashobora kuba kiretse nko mu yindi myaka ibiri.
Umukuru w'igihugu Joseph Kabila ari ku butegetsi muri Kongo kuva mu 2001.