Korea y'epfo yipfuza ibiganiro vya gisirikare na Korea ya ruguru

South Korean solders at a border village

Ahavuye isanamu, Chung Sung-Jun

Insiguro y'isanamu, Korea y'epfo ishaka ibiganiro na Korea ya ruguru

Korea y'epfo yipfuje ibiganiro vya gisirikare na Korea ya ruguru, inyuma y'indwi zitari nke hari ukurabana ribi bivuye ku bikorwa vyo kugerageza ibisase vya Korea ya ruguru.

Mu gihe ivyo biganiro vyoba, vyoba ari vyo biganiro bibaye bikomeye kuva mu 2015.

Abategetsi bo mu nzego zo hejuru bavuga ko ivyo biganiro bifise intumbero yo guhagarika ibikorwa vyose bituma haba ukurabana ribi mu karere gacungerewe cane kari hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Prezida wa Korea y'epfo Moon Jae-in kuva n'imbere yaravuga ko yipfuza ko hoba ugufashanya cane na Korea ya ruguru.

North Korean TV releases photos of Tuesday's missile launch

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Korea ya ruguru igize imisi igerageza ibisase bishika kure

Mw'ijambo ryiwe aherutse gushikiririza i Berlinmu Budagi, yavuze ko ibiganiro na Korea ya Ruguru bikwiye ko biba kandi bikagira ico bishitseko.

Ariko intambwe ya Korea ya ruguru yo kugerageza ibisase harimwo igishika kure, iteye kuburi n'itegeko rya Onu.