Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kafando: Mfise ishaka ryo gutorera inyishu amatati y'abarundi
Intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi Michel Kafando yavuze ko afise ishaka ryo gufasha gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.
Ivyo yabivuze ahejeje kubonana n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza ku wa kane mu gitondo.
Ni rwo rugendo rwa mbere Michel Kafando agize mu Burundi kuva agenywe muri ayo mabanga mu kwezi kwa gatanu.
Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Burkina aje akurikira Jamal Benomar yiyamirijwe na leta y'Uburundi imwagiriza gushikiriza ivyegeranyo bitari vyo ku Burundi. Kandi benshi mu bababanjirije vyabagandeye uko.
Michel Kafando yavuze igituma yemeye ayo mabanga: ''navyemeye nisunze ubumenyi mfise mu bijanye n'imigenderanire mpuzamakungu mfatiye kandi no kumabanga nigeze gushingwa yo kurongora igihugu canje….ndavyiteguriye, uko nzoshobora kwose, gufasha gutorera inyishu ahoba hari ingorane mu Burundi''
Michel Kafando avuga ko ata nkoni ikora ibitangaza afise. Ariko ''nd'umusirikare w'amahoro, mfise ishaka rikomeye ryo gushitsa igikorwa natumwe''
Michel Kafando yatanguye urwo rugendo rwiwe rwa mbere mu Burundi ku wa kabiri.
Avuye mu Burundi azoca yerekeza muri Tanzania, Uganda na Ethiopia kubonana n'abahuza mu kibazo c'Uburundi hamwe n'abategetsi b'ishirahamwe rya Africa.
Uwunganira umuhuza Benjamin Mkapa yari yiyemeje kuba yashitse ku mwumvikano hagati ya leta n'abatavuga rumwe nayo mu mpera z'uku kwezi kwa gatandu. Iryo sango ritacubahirijwe mu gihe hasigaye umunsi umwe ngo ukwo kwezi guhere.