Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intumwa ya Onu mu Burundi yashitse i Bujumbura
Intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi yashitse muri ico gihugu mu rugendo rwa mbere kuva ashingwa ayo mabanga.
Michel Kafando yabaye umukuru mfatakibanza wa Burkina Faso yashitse ku muhingamo i Bujumbura mu rugendo rushobora kumara iminsi itatu.
Umuzo wiwe ntiwamenyekanishijwe mu binyamakuru, mbere na gahunda yiwe ntiraja ahagaragara.
Michel Kafando yagenywe n'umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Gutteres mu kwezi kwa gatanu asubirira Jamal Benomar .
Imigenderanire hagati y'Uburundi na ONU imaze igihe itifashe neza.
Muri ayo mabanga asubiriye Jamal Benomar yaheruka kwiyamirizwa na reta y'Uburundi imwagiriza gutanga ivyegeranyo bitavuga ukuri kubibera muri ico gihugu.