Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikambi ya Amisom yatewe i Mogadishu
Abiyahuzi bagize ibitero mw'ikambi y'abasirikare b'ubumwe bwa Afrika mu gisagara ca Mogadishu.
Humvikanye urwamo rw'ibisase biturika cane bibiri, mu nyuma haca hakurikira ukurasana.
Ikambi nkuru y'abo basirikare b'ubumwe bwa Afrika iri iruhande y'ikibuga c'indege ca Mogadishu, akarere kandi karimwo ibiro vyinshi vy'abaserukira ibihugu vyabo vya Buraya hamwe na Onu.
Itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters rivuga ko abantu indwi bitavye Imana.
Umuhari wa al-Shabab wamenyesheje ko ari wo wagize ico gitero, kandi ko abantu barenga 12 ari bo bahasize ubuzima.