Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunye Syria yiturikirijeko igisase mu Budagi
Mu bumanuko bw'Ubudagi, abategetsi bavuga ko umwiyahuze yiturikirijeko igisase mu kabare, gikomeretsa abantu 12, batatu muri bo bakaba babaye cane.
Bivugwa ko uwo muntu yamuka muri Syria, yari yabuze ubuhungiro mu Budagi mu mwaka uheze.
Ico kisase caturikijwe mu gisagara ca Ansbach, iruhande y'aho batambira umuziki hazwi cane muri ako karere.
Abantu barenga 2000 bavanywe muri ico kibanza.
Bimwe mu bibanza vyo ngaho Ansbach bikikujwe n'abajejwe umutekano.
Ni igitero kigira gatatu kibaye i Bavaria, mu kiringo c'indwi imwe.
Ku musi wa gatanu, abantu icenda baritavye Imana mu gitero c'inkoho mu gisagara ca Munich, no mu misi mike iheze, umusore yitwaje inkota n'ishoka yaragize igitero mw'igariyamoshi.