Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Taiwan yarashe missile itabishaka ihitana umuntu umwe
Igihigu ca Taiwan carashe missile itegwa amato kitabishaka, ihitana umuntu umwe, inakomeretsa abandi batatu, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Ubwato bukizura bwariko burasuzumwa i Kaohsiung igihe missile yo mu bwoko bwa Hsiung Feng III yabwiyaka, nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Taiwan, CNA.
Umudereva w'ubwo bwato, umunye Taiwan, yapfuye, nk'uko abategetsi ba gisirikare babimenyesha.
Iyo missile ishobora gushika ku birometero 300.
Iyo mpanuka ishitse mu gihe Ubushinwa bwigina imyaka 95 irangiye hashinzwe umugambwe w'aba coministe.
Abajijwe nimba iyo mpanuka ishobora kugira ingaruka ku migenderanire bafitaniye n'Ubushinwa, icegera c'uwutwara igisirikare ca Taiwam Mei Chia-Hsu yavuze ko abasirikare barwanira mu mazi bamaze kubimenyesha ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'ico gihugu.
Yavuze ko ivyashitse biriko biragirwako amatohoza kandi ko bishobora kugarukira hagufi.
Ntibiramenyekana nimba Ubushinwa bwabimenyeshejwe na Taiwan ubwayo.
Ubushinwa buvuga ko Taiwan ari intara yabwo, itegerezwa kuja hamwe n'ico gihugu, bikenewe n'inguvu zikazokoreshwa.
Ico gihugu gifise misiles zama zitumberejwe kuri iryo zinga igihe cose.
Prezida wa Taiwan Tsai Ing-wen, ari na we mukuru wa gisirikare, ubu ari mu rugendo mu mahanga.