Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Haturitse igisasu gikomeye i Mogadishu muri Somalia
Haturitse igisasu gikomeye kw'ihoteli igendwa cane ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, bikibazwa ko ari abarwanyi ba Al Shabaab bagiturikije.
Umwe mu bajejwe intwaro muri Somalia yavuze ko abo barwanyi ubu bari mw'iyo hoteli ya Naso Hablood, kandi ko hariko haraba ukurasana gukomeye.
Bivugwa ko bakoresheje umuduga utezemwo igisasu mu kurondera inzira yo kwinjira mw'iyo hoteli.
Al Shabaab iragaba kenshi ibitero ku mahoteli i Mogadishu, cane cane ayagenderwa n'abategetsi bo muri leta.
Abanyagihugu kenshi bagwa mu mporero y'ibitero nk'ivyo.