Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 3 badandaza abana b'abigeme bahagaritswe
Abantu batatu, harimwo abanya Kenya babiri n'umurundi umwe bahagaritswe n'igipolisi c'Uburundi bagirizwa kugira urudandazwa rw'abana b'abigeme muri Arabie Saoudite.
Ku wa mbere igipolisi kijejwe gukingira abana n'imico cafashe abana b'abigeme bane bagira bajanwe mu gihugu ca Arabie Saoudite.
Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye amenyesha ko abo bana bafatanywe karangamuntu za magendu ziriko imyaka itandukanye n'imyaka y'ukuri bafise.
Izo karangamuntu zerekana ko bose bashikana imyaka 22 mu gihe muvyo ukuri umwe muri bo afise imyaka 16, uwundi 17, uwundi 19 hama mukuru akagira 20.
Nkuko Pierre Nkurikiye abivuga, bafashwe bariko bararondererwa impapuro z'inzira mugipolisi kiraba abinjira n'abasohoka, PAFE bakaba bari gufata indege igana muri Arabie saudite kuri uyu wa kabiri.
Igipolisi kikamenyesha ko gifise inkuru zivuga ko iyo bashitse muri Arabie Saoudite abo bana baca bagirwa abaja.