Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umutama yagwanye n'ingona amasaha atatu muri Australia
Umutama umwe w'imyaka 72 yabwiye abamuabaye ingene yagwanye n'ingona igihe yabona itwaye mugenzi we mu mazi mu buraruko bwa Australia.
Abo bagabo babiri bariko bararoba igihe iyo ngona yatembagaza ubwato bwabo bwo kuroba ku nkengera y'ibahari ya Leaders mu gisagara ca Darwin, ku musi wa kabiri mu gitondo.
Umuntu umwe yaribiye inyuma y'aho iririwe n'iyo ngona igihe yariko aragerageza kurira ubwo bwato.
Uwundi murovyi yarashoboye gukubita iyo ngona icuma ku mutwe muri iyo ntambara yamaze amasaha atatu.