Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
EU: Abimukira bari mu madidane
Amato atwaye abimukira akomeza gushika ku nkengera z'Ubugereki mu gihe itegeko ryo kubasubiza muri Turkiya ryatanguye kuja mu ngiro.
Abana babiri b'abakobwa, b'umwaka umwe n'imyaka ibiri, bapfuye bakorotse ku bwato bwari butwaye abimukira bagera ku 40 bwerekeza ahitwa Ro kw'izinga ry'Ubugereki.
Umunyamakuru wa BBC ari ku izinga rya Lesbos avuga ko abo bimukira bazazaniwe, kuko benshi muri bo batazi ivy'ayo mategeko masha.
Mu vyesezeranywe, abimukira bazojanwa mu bigo bizonyarutsa kumviriza ikibazo cabo.
Abatemeye gusaba ubuhungiro bazoca basubizwa muri Turkiya, kimwe n'abatabwemerewe.
Kuri buri munya Syria asubijwe inyuma, Ubumwe bwa Bulaya buzoca bumuguza n'uwuvuye mw'ikambi y'impunzi ziri muri Turkiya, yakirwe ahabwe uburenganzira bwo kuba muri kimwe mu bihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya.