Ivyo tuzi gushika ubu ku ntambara iri hagati ya Amerika- Israel na Irani

Ahavuye isanamu, EPA
- Israel yatanguje "ibitero vy'indege zikomeye" ku co yise "ibibanza vya gisirikare" muri Iran na Liban
- Ibiro vy'uwuserukira Amerika i Riyadh muri arabie saoudite vyatewe n'indege zitagira umudereva (drones) zibiri, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Arabie Saoudite, bituma haduka umuriro
- Ibinyamakuru vya leta ya Iran bivuga ko inyubakwa y'abasirikare n'abakozi ku kigo ca Amerika kirwanira mu kirere muri Bahrain zasambuwe
- Umwe mubategetsi ba Iran yagabishije ko ashobora "guturira" ubwato bwose bwogerageza guca mu kigobe ca Hormuz , inzira nyamukuru itwara ibitoro kw’isi
- Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio, yavuze ejo ko "ibitero bikomeye cane biri mukuza " vy'igisirikare ca Amerika kuri Iran. Yabivuze inyuma y'aho Donald Trump avuze ko ibitero vyo ku wa gatandatu vyari "amahirwe ya nyuma kandi meza " yo gukuraho "iterabwoba" muri Iran
- Abasirikare batandatu ba Amerika barishwe kuva intambara itangura. Indege zitatu z'intambara za Amerika zarashwe ejo muri Koweit- abari muri izo ndege bararokotse
- Ku musi w'ejo, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Keir Starmer, yabwiye abashingamateka ko "atemera ko ubutegetsi bwohinduka biciye mubitero vyindege ". Ariko yaretse Amerika igakoresha ikambi za gisirikare z'Ubwongereza mu kugaba ibitero "mu kwikingira" kuri Iran
Ni ibiki bizokurikira ? Umwanditsi mukuru wa BBC, Jeremy Bowen, yavuze ati: "Haracari kare cane kugira ngo tumenye igihe n'ingene iyo ntambara izorangira."













